Umukuru w’igihugu ca Misiri Abdel Fattah al-Sissi yemeje itegeko rishasha rijanye no kugenzura ibikorwa vyose bikorerwa ku mbuga ngurukanabumenyi.
Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet
Internet
-
Misiri: Umukuru w’igihugu yemeje itegeko rigenzura ibikorerwa ku mbuga ngurukanabumenyi
20 August 2018, by vianney -
Facebook igiye guhindura uko ikoreshwa n’abanywanyi bayo
12 janvier 2018Facebook yamenyesheje ko igiye guhindura ibintu bikomeye bizotuma abayikoresha baza baravugana ibintu vy’akamaro gusumba, mu buzima bwabo bwa minsi yose.
-
Facebook ryashinze urubuga rw’abana bari munsi y’imyaka 13
6 décembre 2017Ishirahamwe Facebook ryashinze uburyo bwo gutumatumanako k’urubuga rwayo ico bise « Messenger Kids » rwemewe gukoreshwa n’abana bari munsi y’imyaka 13.
-
Twitter yongereje igitigiri c’indome zandikwa mu butumwa n’abayikoresha
8 novembre 2017Urubuga rwa Twitter, rwongereje ibiharuro vy’indome abarukoresha bandika mu gihe bashaka kurungikira ubutumwa ababakurikirana, kikaba cirwije incuro zibiri ku cahahora.
-
Ukraine : Hatowe urucanco rw’umugera GoldenEye wari wateye imashini nyabwonko
28 Ruheshi 2017Abashakashatsi mu gukingira imashini nyabwonko batoye urucanco ku bitero bikomeye vyo ku murongo ngurukanabumenyi internet vyateye amashirahamwe yo mu bihugu bitandukanye kw’isi kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 27 ruheshi 2017,bigatuma ibikorwa bihungabana.
-
Google yaciwe ihadabu n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya
28 Ruheshi 2017Imiriyaridi 2,42 z’amafaranga y’amanyaburaya niyo hadabu akanama k’ubumwe bwa Buraya kaciye ishirahamwe Google inyuma yo kwagirizwa n’ubumwe bwa Buraya ko karenze ku mategeko ajanye n’uguteza imbere ubudandaji bw’ayo.
-
Facebook yahanishijwe kuriha ihadabu y’amafaranga ibihumbi 110 vy’amanyaburaya
18 Rusama 2017Umurwi w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ukurikirana ibikorwa waciye ihadabu y’imiliyoni 110 z’amafaranga y’abanyaburaya ishirahamwe rya Facebook kubera ryabeshe igihe ryagura umurongo wa whatsapp, hari mu mwakwa wa 2014.
-
Umugera wa WannaCry wateye imashine nyabwonko mu bihugu 99
13 Rusama 2017Imashini nyabwonko "ordinateurs" zo mu bihugu 99 bigizwe ahanini n’ivyo ku mugabane wa Buraya vyatewe n’umugera WannaCry utuma imashini zidashobora gukora ikintu na kimwe.
-
Umuyobozi wa ONATEL ahamagarira amashirahamwe gukoresha umuhora wa Fibre Optique
29 Kigarama 2016Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru ONATEL
Réverien NTAGAYE, amenyesha ko kuva mu kwezi kwa Mukakaro umwaka wa 2016,umuhora wa internete ukoresha ubuhinga bwa fibre optique bukora.
Reverien NTAGAYA amenyesha ariko ko,bamwe mubafise amazu atanga umuhora wa internet cybers bataratangiura gukoresha ubwo buhinga, akabasaba kwegera ishirahamwe ONATEL kugira bavugane ku bijanye ningene boronswa ubwo buhinga.
Kubwo umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ONATEL,igice kimwe (...) -
Twitter igiye gushiraho ubuhinga bushasha bw’ingene ikora
6 Nzero 2016Inyuma y’aho abakoresha ubuhinga bwa Twiter bamenyeshereje ko igitigiri c’indome bandika ari gito muri ibwo buhinga igihe bariko batanga amakuru, hariko harakorwa ubuhinga bushasha buzotuma abakoresha twiter andika indome ibihumbi 10 mu gihe zahora ari 140 gusa.
Ikinyamakuru Re/code camenyesheje kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 5 Nzero 2016 ,ko Twitter iriko iragerageza uburyo hamwe hazokwandikwa amajambo menshi ariko hakaguma haboneka amajambo 140 nkuko vyari bisanzwe.
Ubwo buryo (...)