IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Twitter yongereje igitigiri c’indome zandikwa mu butumwa n’abayikoresha

Twitter yongereje igitigiri c’indome zandikwa mu butumwa n’abayikoresha

mercredi 8 novembre 2017

Vyari bisanzwe bizwi ko igiharuro c’indome candikwa n’abakoresha twitter ari 140, ariko ubu kigiye kuba 280 kuri bose, naho hari bamwe bari bamaze kuronka uburenganzira bwo kwandika indome 280.

Kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 7 Munyonyo 2017, Twitter yavuze ko abayikoresha bagiye gushobora kwandika ubutumwa bure bure havuyemwo abakoresha ururimi rw’igishinwa,ikiyapani n’igikoreya kuko zozo zisanzwe zikresha indome nkeya mu gutanga ubutumwa.

Mw’itangazo Twitter yashize ahabona, yavuze ko kwongereza igitigiri c’indome zikoreshwa mu kwandika ubutumwa bizotuma abayikoresha baronka akaryo ko gushikiriza ivyiyumviro borohewe.

Iryo tangazo ryavuga riti : “Umwanya munini utuma abantu baronka akaryo ko gushikiriza ivyiyumviro vyabo muri tweet imwe, bagashobora kuvuga ivyo bashaka, bakanatanga ubutumwa mu buryo bwihuse kurusha ubwari buhasanzwe.

Abakoresha Twitter bakiriye iki gikorwa ca Twitter ugutandukanye, bamwe bavuga ko bizotuma nk’abanyaporitike n’abandi bamenyekana cane bavuga ibirenze.

Abakoresha Twitter ariko baracasaba ko boronka uburenganzira bwo gukosora amakosa y’inyandiko mu gihe bamaze gutangaza ubutumwa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.