Facebook ryashinze urubuga rw’abana bari munsi y’imyaka 13

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 6 décembre 2017 saa 04:59
9585
0 0

Ishirahamwe Facebook ryashinze uburyo bwo gutumatumanako k’urubuga rwayo ico bise « Messenger Kids » rwemewe gukoreshwa n’abana bari munsi y’imyaka 13.

Facebook yahora itemerera abana bari musi y’imyaka 13 gukoresha urubuga rwayo.
Abahinga mu bijanye no gutumatumanako amakuru, bavuga ko hari abana banyegeza imyaka y’abo ubu bikavugwa ko abana imiriyoni 20 kw’isi bari musi y’imyaka 13 bakoresha urubuga rwa Facebook.

Bivugwako Facebook yashitse kw’iyo ngingo inyuma yaho urubuga rwa Snapchat ruhaye akaryo abana bari munsi y’imyaka 13 gukoresha urwo rubuga.

Facebook rishikiriza ko abavyeyi aribo barekuriwe guha uruhusha abana babo bari hagati y’imyaka 6 na 12 gukoresha ubwo buryo ngurukana bumenyi ariko bakabwirizwa kuzokwirikirana ivyo abana babo bakora kur’urwo rubuga.

Ikonte z’abana zizokwuguruzwa n’abavyeyi babo kandi nibo barekuriwe kwemeza abagenzi b’abana bazoganira nabo.

Ivyo abana barekuriwe gucisha kur’urwo rubuga hariho gutumatumanako hakoreshejwe kurungika amasanamu hamwe n’amafoto.


Kumenyekanisha

1
NYABENDA OSCAR 26-01-2018 à 19:48

KUGIR AB BANA BAYIKORESH BAZOYIKORESH KWITEREFON IYARIY YOS,ISANZW IFIS FACEBOOK ?RPS

2
pabur 13-01-2018 à 06:10

Andika hano nifuza komwoza muraduha anega iyodushizemwo ama inite muzoba mudufashije

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha