Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Facebook yahanishijwe kuriha ihadabu y’amafaranga ibihumbi 110 (...)
Facebook yahanishijwe kuriha ihadabu y’amafaranga ibihumbi 110 vy’amanyaburaya
jeudi 18 Rusama 2017
Igihe Facebook yagura whatsapp imiliyaridi 19 z’amadolare y’abanyamerika, yabwiye umurwi w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ko itazokwigera ishirahamwe ububiko bwa Facebook hamwe n’ububiko bw’amafaranga bwa whatsapp.
Mu bushakashatsi bwakozwe n’umurwi w’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,uwo murwi wasanze ko mu mwaka wa 2014,abakozi ba Facebook bari bazi ko bishoboka guhuza inimero y’uwukoresha WhatsApp n’imyidondoro y’uwkoresha Facebook. Ibi bikaba bitandukanye n’ivyo Facebook yari yavuze ko bitazoshoboka.
Facebook yemeye ko yakoze ayo makosa yo gushira hamwe amakuru ariko ko vyashitse batabishaka.
Ibi bije bikurikira ikindi gihano facebook yaheruka guhabwa n’ikigo kijejwe kugenzura amakuru mu gihugu c’Ubufaransa, carihishije facebook ihadabu y’amafaranga ibihumbi 150 vy’amafaranga y’abanyaburaya.