Ukraine : Hatowe urucanco rw’umugera GoldenEye wari wateye imashini nyabwonko

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 28 Ruheshi 2017 saa 05:00
Yasomwe : 2430
0 0

Abashakashatsi mu gukingira imashini nyabwonko batoye urucanco ku bitero bikomeye vyo ku murongo ngurukanabumenyi internet vyateye amashirahamwe yo mu bihugu bitandukanye kw’isi kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 27 ruheshi 2017,bigatuma ibikorwa bihungabana.

Bavuga ko kubera urwo rucanco rwatowe uwuguruye idosiye imwe gusa, bishobora guhagarika igitero kivuye ku mashini yamaze kwandura.

Abashakashatsi ntibashoboye gutora icitwa "kill switch" kibuza ko umugera wokwiragira mu zindi mashini .

Abakwirikiranira hafi ivy’ibitero vyo kuri internet ku ma mashini nyabwonko , bamenyesha ko igitero co kuwa kabiri ku ma mashini nyabwonkocari ico kwonona gusa canke co kurondera uruvugiro mu vya poritike kuko amafaranga ashika amadorari 300 yasabwa ari make ugereranije nayahora asabwa .

Amwe mu mashirahamwe yabangamiwe nico gitero ni banki nkuru ya Ukraine, ishirahamwe rikomeye ridandaza igitoro ry’Uburusiya Rosneft, ishirahamwe ryo mu Bwongereza rimenyekanisha ibintu WPP, hamwe n’ishirahamwe ry’amategeko ryo muri Amerika rya DLA Piper.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha