Accueil > Inkino > Amahiganwa > Basketball : Imirwi Ghymkhana na Berco stars niyo yatahukanye igikombe (...)
Basketball : Imirwi Ghymkhana na Berco stars niyo yatahukanye igikombe c’umukuru w’igihugu
lundi 8 janvier 2018
Ku muhingamo w’uyu wa gatandatu itariki 6 Nzero 2018, ku kibuga c’inkino za Basketball mu gisagara ca NGOZI.
Umurwi wa Ghymkhana warasubiriye kwerekana ko ufise inguvu zidasanwe.Inyuma yogutsinda imirwi isanzwe izwi ko ikomeye nk’Urunanina Dynamo, abasore ba Ghymkhana naho bamaze igihe kitari kinini mu cicaro gikuru ca Basketball baramaze kwerekana ko ari umurwi wikwije kandi ukomeye.
Mu rukino rwa nyuma rwabahuje n’umurwi userukira Bururi, Gymkhana yatsinze ku manota 75-46 ya Bururi, gutyo baba baratahukanye igikombe c’ihiganwa ry’umukuru w’igihugu.
Ku ruhande rw’abigeme, Berco stars, umurwi umenyerewe mw’ihiganwa rya Basketball na cane cane mw’ihiganwa ry’I Bujumbura, aho umaze gutwara ibikombe bitari bike, watsinze umurwi wa Young Sisters mu rukino rwa nyuma ku manota 52- 47 ya young Sisters, baheza batahukana igikombe c’ihiganwa ku ruhande rw’abigeme.

Ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu rikaba ritunganijwe ubwa mbere n’ishirahamwe the Raising Generation rifadikanije n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, hamwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko basketball mu Burundi.
BUKURU Pacifique