Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Coupe du Monde2018 : Ibitsindo bitatu vyinjiye mu nkino z’umunsi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Coupe du Monde2018 : Ibitsindo bitatu vyinjiye mu nkino z’umunsi (...)

Coupe du Monde2018 : Ibitsindo bitatu vyinjiye mu nkino z’umunsi w’indwi

jeudi 21 juin 2018

Urukino rwa mbere rwahuje umurwi wa Portugal n’umurwi wa Maroc, rukaba rwaheze umurwi wa Portugal utsinze uwa Maroc, igitsindo kimwe ku busa cinjiye ku munota wa 4 cinjijwe na Cristiano Ronaldo.

Inyuma yo gutsindwa na Portugal, umurwi wa Maroc umwe muyaserukiye umugabane wa Afrika waciye usezera ihiganwa ry’igikombe c’isi naho ugisigaje urukino rumwe uzokina na Espagne.

Mu rukino rwa kabiri, umurwi wa Uruguay watsinze umurwi wa Arabie Saoudite igitsindo kimwe ku busa, bica bituma n’uwo murwi wa Arabie Saoudite usezera ihiganwa naho ugisigaje urukino rumwe, inyuma yo gutsindwa kandi mu rukino rwa mbere n’igihugu c’Uburusiya.

Urukino rwa nyuma rwo kur’uyu wa gatatu, rwahuje umurwi wa Espagne n’umurwi wa Iran, umurwi wa Espagne ukaba watsinze igitsindo kimwe ku busa bwa Iran, bica bituma uwo murwi unganya n’uwa Portugal, kuko iyo mirwi yari yanganije mu rukino rwa mbere ibitsindo bitatu ku bindi.

Kur’uno wa kane, hategekanijwe inkino zitatu : Uruhuza Danemark na Australie, uruhuza Ubufaransa na Perou, hamwe n’urukino ruza guhuza umurwi wa Argentine n’umurwi wa Croatie.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.