Ihiganwa ry’urukino ro kunagana Judo ry’abakiri bato ririko ribera mu Burundi rirabandanya. Gushika ku munsi wa kabiri waryo, Uburundi bumaze kuronka imidari indwi.
Judo
-
Judo : Ku munsi wa 2 w’ihiganwa Uburundi bumaze kuronka imidari indwi
12 mai 2018 -
Uburundi bwakiriye ihiganwa ry’inkino za Judo z’abakiri bato
10 mai 2018Uburundi bwakiriye inkino za Judo z’abakiri bato. Ibihugu 15 nivyo vyitavye iryo higanwa ritunganijwe ku ncuro ya mbere mu Burundi.
-
Uburundi bugiye kwakira ihiganwa rya Judo ku bakiri bato ku rwego rwa Afrika
15 mars 2018Ishirahamwe ry’urukino rwo kunagana (judo) mu Burundi, ririko riritegurira kwakira ihiganwa ry’urukino rwa judo ry’abakiri bato ku rwego rwa Afrika, zizobera mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 10 gushika kurya 13 Rusama 2018. Umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama amenyesha ko izo nkino zizofasha igihuku kumenyekana mu makungu.
-
Ihiganwa rya Judo ririteguriwe bihagije
3 Gitugutu 2014Ishirahamwe ry’urukino rwa "Judo" rizohuza urwaruka rw’abakuze "Junior" mw’ihiganwa ryo ku rwego rw’igihugu. Imirwi iva mu ntara umunani iritezwe muri iryo higanwa.
Ku ncuro ya kabiri y’ihiganwa mu rukino rwa Judo ku rwego rw’igihugu, ishirahamwe rijejwe ivy’urwo rukino ryarateguye ihiganwa. Imirwi iva mu ntara za Bujumbura Mairie, Bubanza, Ngozi, Gitega, Cibitoke, Bujumbura bita "Rural" izoserukirwa n’abakinyi bagera kw’i 170. Muri abo, harimwo abazova mu mashirahamwe mashasha aheruka kuvuka mu (...) -
Umwigeme akina urukino rwa Judo yaronkejwe umudari wa Bronze
26 Ntwarante 2014Abakinyi b’Abarundi b’urukino rwa Judo baraye batahutse bavuye mu nkino z’urwo zahuza bimwe mu bihugu vyo k’umugabane wa Afrika. Inkino zibereye mu gihugu ca Tuniziya. Batahukanye umudari wa Bronze.
Mw’ijoro ryo kuri uwo wa kabiri w’igenekerezo rya 25 Ntwarante, abakinyi bari munsi y’imyaka 20 b’urukino rwa Judo niho baruruka indege bavuye mu gihugu ca Tuniziya aho bari bitavye amahiganwa ry’urukino rwa Judo. Abakinyi 4 abahungu 2 n’abakobwa 2 ni bo baserukiye Uburundi. Abo ni: Fabrice, Karim, (...)