Uburundi bwakiriye ihiganwa ry’inkino za Judo z’abakiri bato

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 10 mai 2018 saa 11:41
Yasomwe :
0 0

Uburundi bwakiriye inkino za Judo z’abakiri bato. Ibihugu 15 nivyo vyitavye iryo higanwa ritunganijwe ku ncuro ya mbere mu Burundi.

Abakinyi b’urukino rwa judo 200, bagizwe n’abahungu n’abigeme, nibo bitavye iryo higanwa ryatanguye kur’uno wa kane igenekerezo rya 10 Rusama 2018.

Ibirori vyo gutanguza ku mugaragarao iryo higanwa, bitegekanijwe inyuma y’umutaga wo kur’uno wa kane,isaha icumi z’umugoroba, bikaza kuba vyitabwe na bamwe mu barongozi bakuru b’igihugu.

Izo nkino zizomara iminsi ine, kuva kur’uno wa kne igenekerezo rya 10 Rusama 2018, gushika kurya 13 Rusama 2018.

Izo nkino zizofasha kuronka abakinyi b’urukino rwa Judo bazoja mu nkino mpuzmakaungu z’urwaruka zizobera I Buenos Aires mu gihugu ca Argentine mu mwaka wa 2018, hamwe n’inkino mpuzamakungu zo kunonora imitsi zizobera I Tokyo mu Buyapani, mu mwaka wa 2020.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha