IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Burundi-Ethiopie : Abakinyi batangura mu kibuga ku ruhande rw’Uburundi (...)

Burundi-Ethiopie : Abakinyi batangura mu kibuga ku ruhande rw’Uburundi bamenyekanye

jeudi 7 décembre 2017

Urutonde rw’abatangura mu kibuga ni :

1.Umunyezamu :Nahimana Jonathan

2.ku ruhande rw’inyuma ni :Nshimirimana David,Moussa Omar,Harerimana Rachid Léon na Ndikumana Trésor.

3. Hagati mu kibuga, hatangura :Duhayindavyi Gaël, Kwizera Pierrot akaba na kizigenza, Nahimana Shasiri na Harerimana Moussa Hapfizi.

4. Abasatirizi batangura mu kibuga ni :Hussein Shabani,Laudit Mavugo.

Abasubirira abandi ni :Rukundo Onesime,Arakaza Mc Arthur,Ndoriyobija Eric ,Moussa Mossi,Ndayishimiye Youssouf "Nyange",Shaka Bienvenue,Nahimana Steve,Urasenga Cédric Danny "Kagabo".

Urukino rw’uno munsi ruza kuba, umurwi nserukiragihugu urukina utagira umusatirizi Abdul Razzak Fiston yagiye gushira umukono ku masezerano yo gukinira umurwi wo mu gihugu ca Angola. Uwo nawe mu rukino rwahuje Uburundi n’Ubuganda ku munsi wa mbere igenekerezo rya 4 Kigarama 2017, akaba ariwe yatowe nk’umukinyi yigenjeje neza mu rukino.

Mwomenya ko, mu rukino rwa mbere umurwi nserukiragihugu w’Uburundi wari wanganije n’umurwi nserukiragihugu w’Ubuganda ubusa ku bundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.