CAF 2018 : Abahagarikizi b’abarundi batowe guhagarikira urukino ruzobera mu Rwanda

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 28 mars 2018 saa 10:53
Yasomwe :
0 0

Abarundi bane, nibo Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika CAF, ryatoye kugira bazohagarikire urukino rw’igikombe ca Coupe de la confederation, ruzohuza umurwi Rayon Sport na Costa de Dol wo muri Mozambique.

Abo bahagarikizi b’abarundi ni NKURUNZIZA Thierry, Shabani NIYUNGEKO, Ramadhan NIYUNGEKO, na Eric MANIRAKIZA.

Abo bahagarikizi b’abarundi, bazohagarikira urukino rwo gusubiriza rutegekanijwe kuba kw’igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2018, i Kigali, ku murwa mukuru w’igihugu c’Urwanda.

Abandi bahagarikizi bari bahagarikiye inkino zitandukanye mu gice ca mbere, c’ayo mahiganwa nk’urwahuje Simba Sports Club na Gendarmerie yo muri Djibouti, hamwe n’urwahuje Simba Sports Club na Al Masli yo muri Misiri.


Kumenyekanisha

1
ELIYA 30-03-2018 à 09:10

ni vyiza kuduha amakuru ku gihe. ariko mushiramwo am erreurs menshi cane ; EX Francine Nkurunziza au lieu de NIYONSABA, Ngo bazosifura i Kigali au lieu de Mozambique

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha