IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CAF 2018 : Umurwi LLBS 4 AFRICA watomboye kuzohura na Rayon Sport wo mu (...)

CAF 2018 : Umurwi LLBS 4 AFRICA watomboye kuzohura na Rayon Sport wo mu Rwanda

mercredi 13 décembre 2017

Itombora ryabereye ku cicaro gikuru c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika CAF, ku murwa mukuru wa Misiri, i Kayiro kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 13 Kigarama 2017.

Ata gihindutse, bitegekanijwe ko urukino rwa mbere ruzobera I Bujumbura hagati y’amagenekerezo ya 9 na 11 Ruhuhuma 2018, mu gihe urwo gusubiriza ruzobera I Kigali hagati y’amagenekerezo ya 16 na 18 Ruhuhuma 2018.

JPEG - 75 ko
Umurwi LLBS4 AFRICA wo mu Burundi

N’urukino abakurikiranira hafi umupira w’amaguru bamenyesha ko rushobora kuzoba rukomeye, bisunze ko mu murwi wa Rayon Sport hakinamwo abakinyi nka KWIZERA Pierrot, NAHIMANA Shassir na Caleb BIMENYIMANA b’abarundi kandi bigenza neza mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’urwanda.

JPEG - 455.3 ko
Umurwi Rayon Sport wo mu Rwanda

Umurwi uzokura uwundi mw’ihiganwa hagati ya Rayon Sport na LLB Sport 4 Afrika uzoca ukina n’umurwi Mamelodi Sundowns wo mu gihugu ca Afurika y’Epfo
Ihiganwa Total CAF Champions League 2018 ririmwo imirwi 59, mu gihe ibihugu nka Cape Vert, Chad, Eritrea, Namibia, Reunion, São Tomé and Príncipe, Sierra Leone bitatanze imirwiizobiserukira.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.