IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CAF : Umurwi Olympic Star w’i Muyinga wanganije n’umurwi El Hilal (...)

CAF : Umurwi Olympic Star w’i Muyinga wanganije n’umurwi El Hilal Obeid

mercredi 7 mars 2018

Urukino rwatanguye igihe c’isaha icenda, imirwi yose yerekana ko ikeneye intsinzi, ariko yose inanirwa gutsinda igitsindo.

Mu gice ca mbere c’urukino, abakinyi ba Olympic Star n’aba El Hilal Obeid bagerageje gusatira ariko ntibashobora kuronka igitsindo, ico gice ca mbere c’urukino gica kirangira ri ubusa ku bundi.

No mu gice ca kabiri imirwi yose yabandanije kwerekana inguvu zo kurondera ibitsindo, ariko urukino rurinda ruhera, yaba umurwi Olympic Star canke El Hilal Obeid ata n’umwe uronse igitsindo.

Mwomenya ko rubaye urukino rwa mbere mpuzamakungu rukiniwe ku kibuga co hagati mu gihugu, aho ni mu gihe ikibuga citiriweumuganwa Rudoviko RWAGASORE cahora cakira izo nkino, kiriko kirasubirwamwo.

Urukino rwo kur’uno wa gatatu, rwari rwatewe iteka n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.