Accueil > Inkino > Amahiganwa > CAN 2017: Cameroun mu rukino rwa nyuma na Misiri inyuma yo gutsinda (...)
CAN 2017: Cameroun mu rukino rwa nyuma na Misiri inyuma yo gutsinda Ghana
vendredi 3 Ruhuhuma 2017
Urukino rwa kabiri rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma c’ihiganwa rya CAN 2017 rwabaye kuri uno wa kane igenekerezo rya 2 Ruhuhuma,umwaka wa 2017,rwaheze umurwi nserukira gihugu wa Cameroun utsinze Ghana ibitsindo bibiri ku busa,uca uronka uburenganzira bwo gukina urukin rwa nyuma.
Urukino rwa nyuma rw’ihiganwa rya CAN 2017 ruzohuza umurwi nserukira gihugu wa Cameroun n’umurwi nserukira gihugu wa Misiri, kuw’Imana igenekerezo rya 5 Ruhuhuma umwaka wa 2017.

Mu rukino rwabaye kuri un wa kane,igihugu ca Cameroun carerekanye ko gifise abakinyi bakiri bato bashobora kugarukana icizere mu rukino rw’umupira w’amaguru muri ico gihugu.
Kizigenza w’umurwi nserukira gihugu wa Cameroun Benjamin Moukandjo yavuze ko ivyabaye batari bavyiteze,ariko ko kubera ukwitanga n gukina bashize hamwe vyatumye barnka intsinzi ibashikana mu rukin rwa nyuma.
Ibitsindo vya Cameroun vyinjijwe na Michael Ngadeu et Christian Bassogog.
IGIHE
Messages
5 Ruhuhuma 2017, 18:14, par OSEY
MWATUGANIRIJE NEZA