IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CAN 2017: Imirwi umunani izokina igice ca kane gishira ica nyuma (...)

CAN 2017: Imirwi umunani izokina igice ca kane gishira ica nyuma yamenyekanye

jeudi 26 Nzero 2017

Imirwi umunani izokina inkino z’igice ca kane gishira ica nyuma gihuza imirwi nserukira bihugu CAN 2017,yamenyekanye inyuma y’urukino rwahuje umurwi nserukira gihugu wa Misiri hamwe n’umurwi nserukira gihugu wa Ghana.

Urukino rwahereje igice ca mbere c’ihiganwa mu mirwi rwahuje umurwi nserukira gihugu wa Ghana n’umurwi wa Misiri kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 25 Nzero umwaka wa 2017.Urukino rwaheze umurwi wa Misiri utsinze Ghana igitsindo kimwe ku busa,bituma imirwi yose ironka uburenganzira bwo gushika mu gice ca kane gishira ica nyuma.

Hejuru ya y’im,irwi nserukirabihugu ya Ghana na Misiri,iyindi mirwi izokina igice ca kane gishira ica nyuma c’ihiganwa rihuza ibihugu ku mugabane wa Afrika CAN 2017,ni Maroc, RDC, Sénégal, Tunisie, Cameroun na Burkina Faso.

Bitegekanijwe ko inkino za mbere z’igice ca kane gishira ica nyuma zizokinwa kuwa gatandatu igenekerezo rya 28 Nzero umwaka wa 2017.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.