Accueil > Inkino > Amahiganwa > CAN 2017: Misiri yaronse uburenganzira bwo gukina urukino rwa (...)
CAN 2017: Misiri yaronse uburenganzira bwo gukina urukino rwa nyuma
jeudi 2 Ruhuhuma 2017
Inyuma y’urukino rwa mbere rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma mw’ihiganwa rya CAN 2017 rwabaye kuri un wa gatatu igenekerezo rya 1 Ruhuhuma umwaka wa 2017,igihugu ca Misiri kibaye ica mbere kimenyekanye ko kizokina urukino rwa nyuma,inyuma yo gutsinda umurwi wa Burkina Faso.
Urukin rwatanguye umurwi wa Misiri werekana ko usa nah usinziriye,ariko uk umwanya wagenda niko uw murwi wikangura gushika naho ubera intambamyi umurwi nserukira gihugu wa Burkina Faso.
Mu gice ca kabiri c’urukino,ku munota wa 66 nniho umukinyi wa Misiri Mohamed Salah yinjiza igitsindo ca mbere,ku mupira mwiza yahawe na mugenzi we Mahmoud Kahraba.

Umurwi wa Burkina Faso ntiwasinziriye,kuko ku munta wa 73 w’urukino, Aristide Bancé yahavuye yinjiza igitsindo ciza c’umurwi wa Burkina Faso,urukino ruca ruhera imirwi yose inganya igitsindo kimwe ku kindi,bica biba ngombwa ko babongera iminota 30.
Inyuma y’iminota 30 nta murwi watsinze uwundi. Igikurikira kwa ugutera ama penaliti,umurwi wa Misiri winjiza ane,umurwi wa Burkina Faso winjiza zitatu.
Umurwi wa Misiri ufise ibikombe indwi vya CAN, usubiye gutsinda umurwi wa Burkina Faso inyuma y’imyaka 19 bahuye,hari mu mwaka w’1998.
IGIHE