IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CAN 2017 : RDC yatanguye neza itsinda Maroc kimwe ku busa

CAN 2017 : RDC yatanguye neza itsinda Maroc kimwe ku busa

mardi 17 Nzero 2017

Inyuma y’inkino 4 bahurira mu gikombe gihuza imirwi nserukirabihugu vyo ku mugabane wa Afrika,igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo,catsinze ubwa mbere umurwi nserukiragihugu w’igihugu ca Maroc.

Mu rukino rwa kabiri rwahuje imirwi yo mu murwi C ugizwe na Cote d’Ivoire,Togo, Maroc na Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo,igihugu ca Maroc catanguye cerekana ko gikomeye,mu gusatira no mugushika imbere y’izamu rya RDC.

Ibintu vyahindutse ku munota wa 55,umukinyi Juniro Kabananga yinjije igitsindo ca mbere c’umurwi wa Repubika iharanira intwaro rusangi ya Kongo,bivuye kukwijijanya imitima kw’umunyezamu w’igihugu ca Maroc.

Naho nyene umurwi nserukiragihugu wa Maroc wabandanije gusatira umurwi wa Kongo, gushika naho bakina badakwiye kubera umukinyi Lomalisa Mutambala yahawe ikarata itukura ku munota wa 81 w’urukino,urukino rwaheze ari igitsindo kimwe ca Kongo ,ku busa bwa Maroc.

Muri uwo murwi wa C, urukino rwa mbere rwahuje Cote d’Ivoire na Togo rwaheze atawutsinze uwundi.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.