IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CAN 2017: RDC yavuye mw’ihiganwa itsinzwe na Ghana

CAN 2017: RDC yavuye mw’ihiganwa itsinzwe na Ghana

dimanche 29 Nzero 2017

Umurwi nserukira gihugu wa Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo wasezeye ihiganwa rya CAN 2017 ririko ribera mu gihugu ca Gabon,utsinzwe n’umurwi nserukira gihugu wa Ghana.

Urukino rwatanguye umurwi nserukira gihugu wa Repubika iharanira intwaro rusangi ya Kongo watanguye werekana ko ukeneye intsinzi ,ariko igice ca mbere caheze uwo murwi udatsinze igitsindo.

Mu gice ca kabiri,ku munota wa 62 umurwi nserukira gihugu wa Ghana uciye ku mukinyi Jordan Ayew watsinze igitsindo ca mbere,ariko inyuma y’iminota 6 gusa umurwi nserukira gihugu wa Kong watsinze igitsindo co kunganya.

Ku munota wa 80,umukinyi Andrew Ayew yatsinze igitsindo ca kabiri kw’ikosa ryakozwe n’umukinyi w’inyuma wa Repubika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Urukino rwaheze umurwi nserukiragihugu wa Ghana utsinze ibitsindo bibiri ku gitsindo kimwe ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Umurwi wa Ghana ubaye uwa gatatu uronse uburenganzira bwo gukina igice ca kabiri gishira ica nyuma,inyuma ya Burkina Faso na Cameroun.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.