CECAFA 2017 : Intamba mu Rugamba zashitse kwitegurira urukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 13 décembre 2017 saa 11:16
18525
0 0

Ihiganwa rihuza ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko CECAFA rirabandanya mu gihugu ca Kenya. Kuri uno wa kane igenekerezo rya 14 Kigarama 2017, umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba uzotana mu mitwe n’umurwi Harambe Stars wa Kenya mu rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma, mu rukino ruzobera mu gisagara ca Kisumu. Uwo murwi wa Kenya uzokina n’Uburundi niwo wakiriye iryo higanwa.

Amakuru ava mu begereye umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba, amenyesha ko abakinyi bose, bari kumwe n’ababaherekeje bamaze gushika mu gisagara ca Kisumu.

Bitegekanijwe ko kur’uyu wa gatatu igihe c’isaha icenda, umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba ariho utangura imyimenyerezo yo kwitegurira urwo rukino ruzoba kur’uyu wa kane isaha umunani mu masaha y’i Nairobi ku murwa mukuru wa Kenya.

Abakinyi b’umurwi nserukiragihugu ca Kenya Harambe Stars nabo nyene bamaze gushika mu gisagara ca Kisumu kwitegurira urukino ruzobahuza n’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi.

JPEG - 52.6 ko
Abakinyi b’umurwi nserukiragihugu wa Kenya, bururuka indege

Urukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma rwo kur’uyu wa kane ruzobera ku kibuga mpuzamakungu Moi Stadium.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha