IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CECAFA 2017 : Intamba mu rugamba zatsinzwe urukino rw’igice ca kabiri (...)

CECAFA 2017 : Intamba mu rugamba zatsinzwe urukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma

jeudi 14 décembre 2017

Muri urwo rukino rwabereye ku kibuga Moi Stadium, igice ca mbere c’urukino caheze imirwi yose inganya ubusa ku bundi, naho umurwi wa Kenya waza imbere mu kugumana umupira, gushika ku bice 53 kw’ijana.

Mu gice ca kabiri c’urukino, imirwi yose yerekanye ubuhinga kandi ko ishaka kuronka intsinzi, ariko iminota 90 y’urukino yaheze imirwi yose ikinganya ubusa ku bundi.

Ku munota wa 96, niho umukinyi Kinayangi Whyvonne yatsinda igitsindo c’umurwi Harambee Stars wa Kenya, urukino ruca rurangira umurwi Harambee Stars uronse uburenganzira bwo gukina urukino rwa nyuma.

Urukino rwa kabiri rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma, ruzoba kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Kigarama 2017, ruzohuza umurwi w’Ubuganda na Zanzibar.

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi uzoca urindira umurwi uzontsindwa kur’uyu wa gatanu, kugira uhiganirwe ikibanza ca gatatu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.