CECAFA 2017 : Uburundi buzohiganirwa ikibanza ca gatatu n’Ubuganda

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 16 décembre 2017 saa 01:31
6075
0 0

Inyuma y’aho Intamba Murugamba zitsindiwe n’igihugu ca Kenya ku gitsindo kimwe ku busa ku munota wa 96 bari muminota yongerwako (prolongation),mu rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma, Kur’uyu w’Imana umurwi Intamba mu Rugamba uzohura n’umurwi w’Ubuganda mu kurondera ikibanza ca gatatu.

Pierrot Kwizera, kizigenza w’Intamba mu Rugamba, amenyesha ko bazokina uko bashoboye kugira batahukane ikibanza ca gatatu, agasaba kandi abarundi kubashigikira.

Avuga ati « Iri higanwa twarikinye neza, Inkino zose twakinye twaritanze cane kandi twigenjeje neza, naho ku rukino rwa Kenya tutaronse amahigwe, twari twabarushije ariko niko bimeze haburana babiri hagatsinda umwe.Urukino rwo guharanira ikibanza ca gatatu turagwiteguriye kandi nta nkeka tuzorutsinda. »

Kizigenza w’umurwi Intamba mu Rugamba Pierrot KWIZERA aboneraho n’akaryo ko gusaba gusaba abarundi kubashigikira bakabafata mu mugongo hakuvuga amajambo abaca intege.

Urukino ruzohuza Uburundi n’igihugu c’Ubuganda mur’ico kibanza ca gatatu rukazokinwa kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 17 Kigarama 2017,igihe c’isaha indwi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha