Incamake

CECAFA 2017 : Uburundi bwatsinzwe urukino rwo kurondera ikibanza ca gatatu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 17 décembre 2017 saa 04:09
10905
0 0

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba watahukanye ikibanza ca kane mw’ihiganwa CECAFA Challenge Cup ryariko ribera mu gihugu ca Kenya, uhejeje gutsindwa ibitsindo bibiri ku gitsindo kimwe c’Ubuganda. Urukino rwo kurondera ikibanza ca gatatu.

Igice ca mbere c’urukino caheze umurwi w’Uburundi uza imbere n’igitsindo kimwe ku busa, cinjijwe na KWIZERA Pierrot, kizigenza w’umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba.

Mu gice ca kabiri c’urukino, umurwi nserukiragihugu w’Ubuganda "Uganda Cranes" niho waronse igitsindo co kugombora cinjijwe n’umukinyi Sadam Juma Ibrahim, uwo mukinyi nyene yinjiza n’ikindi ca kabiri ku munota wa 75 w’urukino.

Urukino rwarangiye ari ibitsindo bibiri vya Uganda Cranes, kuri kimwe c’Intamba mu Rugamba, gutyo, intamba zitahukana ikibanza ca kane muri iryo higanwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha