IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CECAFA 2017 : Umurwi nserukiragihugu wa Kenya watahukanye igikombe

CECAFA 2017 : Umurwi nserukiragihugu wa Kenya watahukanye igikombe

lundi 18 décembre 2017

Urukino rwa nyuma rwabaye kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 17 Kigarama 2017 rwatanguye imirwi yose yerekana ko ikeneye gutahukana igikombe,naho urukino rwarangiye mu minota 120,imirwi yose inganya ibitsindo bibiri ku bindi.

Ku munota wa gatanu gusa w’urukino Ovella Ochieng niho yatsinda igitsindo ca mbere c’umurwi Harambee Stars wa Kenya, ari naco bari bafise gushika ku munota wa 89 w’urukino aho Kassim Khamis wa Zanzibar yatsinda igitsindo co kunganya.

Ku munota wa 98, Masud Juma wa Harambee Stars yatsinze igitsindo ca kabiri, ariko inyuma y’iminota 2 gusa, Kassim Khamis wa Zanzibar atsinda igitsindo ciwe ca kabiri, ari naco co kunganya.

Inyuma y’iminota 30 babongeye,hahavuye haterwa amapenariti kugira ibintu bidadanuke, umurwi nserukiragihugu wa Kenya uca utsinda zitatu kuri zibiri za Zanzibar, inyuma y’igikorwa gikomeye cakozwe n’umunyezamu wa Kenya, aho yakuyeyo peanriti zitatu zose.

Igihugu ca Kenya ari naco cakiriye iryo higanwa gica gitahukana igikombe ca CECAFA Challenge Cup 2017.

Mu rukino rwo kurondera ikibanza ca gatatu rwabaye kur’uyu w’Imana nyene imbere y’urukino rwa nyuma, umurwi nserukiragihugu w’Ubuganda watsinze Intamba mu Rugamba z’Uburundi, ibitsindo bibiri ku gitsindo kimwe, bica bituma umurwi w’Ubuganda utahukana ikibanza ca gatatu, uwo Uburundi utahukana ikibanza ca kane.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.