Accueil > Inkino > Amahiganwa > CECAFA U17 : Uko imirwi 8 nserukirabihugu izohura mu matsinda vyamaze (...)
CECAFA U17 : Uko imirwi 8 nserukirabihugu izohura mu matsinda vyamaze kumenyekana
mercredi 4 avril 2018
Umurwi wa mbere A, urimwo imirwi nserukirabihugu ine harimwo n’uwo Uburundi, uhuriyemwo umurwi nserukiragihugu w’Uburundi,uwa Kenya, uwa Etiyopiya n’uwa Somaliya.
Umurwi wa kabiri nawo urimwo imirwi nserukirabihugu ine, igizwe n’umurwi nserukiragihugu wa Tanzaniya, uw’Ubuganda, uwa Sudani yo mu Buraruko n’uwo izinga rya Zanzibar.
Ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu y’abana batarenza imyaka 17 rizotangura kw’igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2018, rihere kw’igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2018.
Bitegekanijwe ko izo nkino za CECAFA z’abana batarenza imyaka 17,zizobera mu ntara ya Ngozi, Muyinga na Gitega.
Imirwi y’Urwanda, Sudani yo mu Bumanuko na Eritreya niyo yamenyesheje ko itazokwitaba iryo higanwa.
Callixte Carpe NDIKUMANA
Messages
9 avril 2018, 19:44, par Nzokira Etienne
Ivyo Ndabikenguruka !