CECAFA U17 : Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi watsinzwe urukino rwa mbere

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 16 avril 2018 saa 08:26
6615
0 0

Umurwi nserukiragihugu w’abana batarenza imyaka 17 witavye ihiganwa rya CECAFA 2018, ririko ribera mu ntara za Ngozi, Muyinga na Gitega, waratsinzwe urukino rwa mbere rwugurura ihiganwa, rwawuhuje n’umurwi wa Kenya, rwabereye ku kibuga co mu ntara ya Muyinga, kuwa gatandatu igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2018. Umumenyereza amenyesha ko umurwi warushijwe uburambe mu mahiganwa.

Urukino rwahuje umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abana batarenza imyaka 17 n’uwa Kenya, rwaheze umurwi wa Kenya utsinze umurwi w’Uburundi ibitsindo bine ku busa.

Muri urwo rukino, umurwi nserukiragihugu wa Kenya warerekanye ko abakinyi bawo bamenyereye amahiganwa, mu gihe abakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, bakinye ariko biboneka ko batamenyereye amahiganwa.

Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abana batarenza imyaka 17, Vivien BAHATI, yemeje ko icatumye batsindwa, ari ukutamenyera amahiganwa mpuzamakungu, agereranije n’abakinyi b’umurwi nserukiragihugu wa Kenya.

Vivien BAHATI, amenyesha ko yiteguye kugira ico ahinduye mu nkino zikurikira.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha