Accueil > Inkino > Amahiganwa > CECAFA U17 : Umurwi utegura ihiganwa wahinduye ikirangaminsi (...)
CECAFA U17 : Umurwi utegura ihiganwa wahinduye ikirangaminsi c’inkino
jeudi 12 avril 2018
Urukino rwa mbere rwahinduriwe umunsi ni urukino ruzohuza umurwi nserukiragihugu wa Somaliya n’umurwi nserukiragihugu wa Etiyopiya rwari rutegekanijwe kw’igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2018, rwimuriwe kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2018.
Urukino rugira kabiri rwahinduriwe isango, ni urukino rwa nyuma rw’iryo higanwa vyari bitegekanijwe ko ruzokinwa kw’igenekerezo rya 28 Ndamukiza 2018, rwimuriwe kw’igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2018.
Bitegekanijwe ko iryo higanwa ry’abana batarenza imyaka 17 rizotangura kuva kw’igenekerezo rya 14 rigahera kurya 29 Ndamukiza 2018.
Ibihugu bizokwitaba iryo higanwa rya CECAFA ry’abana batarenza imyaka 17 ni, Uburundi, Etiyopiya,Sudani yo mu Buraruko , Tanzaniya, Kenya, Ubuganda, Somaliya na Zanzibar.
Imirwi y’Urwanda, Sudani yo mu Bumanuko na Eritreya yari kwitaba iryo higanwa,niyo yamenyesheje ko itazoryitaba.
MUGISHA Van Naris