Accueil > Inkino > Amahiganwa > CECAFA : Zimbabwe yamenyesheje ko itazokwitaba ihiganwa
CECAFA : Zimbabwe yamenyesheje ko itazokwitaba ihiganwa
jeudi 30 novembre 2017
Ico gihugu kivuga ko imvo nyamukuru yatumye bava muri iryo higanwa ari umutekano mu gihugu ca Kenya utifashe neza, inyuma yaho hatunganirije amatora yatsinzwe na Uhuru Kenyatta.
Igihugu ca Zimbabwe cari citavye iryo higanwa rya CECAFA mu gihe kidasanzwe kiri mu bihugu birabwa n’inkino za CECAFA co kimwe n’igihugu ca Libiya.
Ivyo bishitse mu gihe umumenyereza w’umugwi wa Zimbabwe Sunday Chidzambwa yari yamaze gushira ahabona urutonde rw’abakinyi azojana muri iryo higanwa ritegekanijwe gutangura kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 3 kigarama 2017.
Ihiganwa rya CECAFA rihuza ibihugu biherereye mu buseruko hamwe no hagati ku mugabene wa Afirika arivyo : Ubuganda, Kenya, Tanzaniya, Urwanda, Zanzibar, Uburundi, Etiyopiya hamwe na Sudani y’epfo.
Vianney BIKORIMANA