Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CECAFA : Zimbabwe yamenyesheje ko itazokwitaba ihiganwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CECAFA : Zimbabwe yamenyesheje ko itazokwitaba ihiganwa

CECAFA : Zimbabwe yamenyesheje ko itazokwitaba ihiganwa

jeudi 30 novembre 2017

Ico gihugu kivuga ko imvo nyamukuru yatumye bava muri iryo higanwa ari umutekano mu gihugu ca Kenya utifashe neza, inyuma yaho hatunganirije amatora yatsinzwe na Uhuru Kenyatta.

Igihugu ca Zimbabwe cari citavye iryo higanwa rya CECAFA mu gihe kidasanzwe kiri mu bihugu birabwa n’inkino za CECAFA co kimwe n’igihugu ca Libiya.

Ivyo bishitse mu gihe umumenyereza w’umugwi wa Zimbabwe Sunday Chidzambwa yari yamaze gushira ahabona urutonde rw’abakinyi azojana muri iryo higanwa ritegekanijwe gutangura kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 3 kigarama 2017.

Ihiganwa rya CECAFA rihuza ibihugu biherereye mu buseruko hamwe no hagati ku mugabene wa Afirika arivyo : Ubuganda, Kenya, Tanzaniya, Urwanda, Zanzibar, Uburundi, Etiyopiya hamwe na Sudani y’epfo.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.