CHAN:Ibihugu bizokwitaba ihiganwa rya CHAN 2018 vyamenyekanye

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 11 décembre 2017 saa 10:21
16905
0 0

Ibihugu bizokwitaba ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu ikinamwo abakinyi bakina mu mahiganwa y’ibihugu vyabo ku mugabane wa Afrika CHAN vyamenyekanye inyuma yaho igihugu ca Guinee gikuye mur’iryo higanwa mu gutsinda igihugu ca Senegal ibitsindo 5 k’ubusa mu rukino rwo gusubiriza .

Ibihugu vyaronse itike ryo kwitaba izo nkino ni:Côte d’Ivoire, Guinée, Burkina Faso, Cameroun, Angola, Guinée équatoriale, Zambie, Ouganda, Nigéria, Mauritanie, Namibie, Congo, Soudan, Libye, Maroc hamwe n’igihugu ca Kenya kizokwakira izo nkino.

Bitegekanijwe ko izo nkino zizotangura mu kwezi kwa nzero mu mwaka uza wa 2018 mu gihugu ca Kenya, ariko uko imigwi izohurira mu mirwi yo gukurakuranamwo (groupes) ntibiramenyekana.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha