IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CHAN2018 : Imirwi imwe ikomeye yatanguye itangazwa n’iyidakomeye

CHAN2018 : Imirwi imwe ikomeye yatanguye itangazwa n’iyidakomeye

lundi 15 janvier 2018

Mu rukino rwa kabiri rwo mu murwi A kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 14 Nzero 2018, umurwi nserukiragihugu wa Sudani watsinze umurwi nserukiragihugu wa Guinee wari watahukanye ikibanza ca kane mw’ihiganwa riheruka, ibitsindo bibiri, ku gitsindo kimwe.

Mu rukino rwa kabiri mu murwi B kur’uyu w’Imana, umurwi nserukiragihugu wa Namibie watsinze umurwi wa Cote d’Ivoire igitsindo kimwe ku busa ; mu gihe mw’ihiganwa rya CHAN riheruka, umurwi wa Cote d’Ivoire wari watahukanye ikibanza ca gatatu.

Ivyo bihugu vyatsinzwe, mu gihe igihugu ca Maroc cakiriye iryo higanwa rya CHAN 2018, catsinze bitagoranye umurwi wa Mauritaniya, ibitsindo bine ku busa, mu rukino rwo kwugurura ihiganwa.

Bitegekanijwe ko inkino zibandanya ku’uno wa mbere, aho mu nkizo zitegekanijwe, umurwi nserukiragihugu w’Urwanda uza gukina n’umurwi nserukiragihugu wa Nijeriya, mu murwi C.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.