CHAN2018 : Zambiya yaronse amahigwe yo gukina igice ca kane gishira ica nyuma

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 23 janvier 2018 saa 05:17
6105
0 0

Mw’ihiganwa rya CHAN rihuza ibihugu vya Afrika rigakinwa n’abakinyi basanzwe bakina mu mahiganwa y’ibihugu vyabo, umugwi nserukira gihugu wa Zambiya waronse amahirwe yo gukina igice ca kane gishira ica nyuma.

Ukunganya kwa Zambiya n’igihugu ca Namibiya,igitsindo kimwe ku kindi. kwatumye kandi uja mu kibanza ca mbere mu murwi B.

Zambiya ikaba izohura ku munsi wa gatandatu, n’umugwi wa Sudani mu gice ca kane gishira ica nyuma, nayo Namibiya yatahukanye ikibanza ca kabiri ikaba izohura na Maroc yatahukanye ikibanza ca mbere mu murwi A.

Mu murwi C, ntiharamenyekana imirwi igiye kubandanya mu gice ca kane gishira ica nyuma,inkino z’amajonjora zikaba zibandanya.Guinnée Equatoriale ikaba izotana mu mitwe na Nijeriya,nayo Urwanda ruhure na Libiya.

Mu murwi D, Kongo izotana mu mitwe na Angola kur’uyu wa gatatu.

Igihugu ca Cote d’Ivoire cahabwa amahirwe yo gutahukana igikombe casezeye ihiganwa inyuma yo kunganya ubusa k’ubundi n’igihugu c’Ubuganda.

Cote d’Ivoire ikaba ivuye mw’ihiganwa ifise inota rimwe gusa, ata gitsindo binjije.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha