IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Christiano Ronaldo yakwije ibitsindo 100 atsindiye Real Madrid mu mahiganwa (...)

Christiano Ronaldo yakwije ibitsindo 100 atsindiye Real Madrid mu mahiganwa y’i Buraya

mercredi 22 novembre 2017

Muri urwo rukino rwabereye mu gihugu ca Chypre,umurwi Real Madrid wasubiye kwikangura inyuma y’igihe cari giheze usa n’uwusinziriye haba no mw’ihiganwa rya Espagne La Liga.

Igitsindo ca mbere ca Real Madrid cabonetse k’umunota wa 23 cinjijwe na Luka Modric ku mupira yateye ari kure, mu gihe Karim Benzema nawe yari amaze igihe atinjiza yatsinze igitsindo ca kabiri k’umunota wa 36 ku mupira ahawe na Toni Kroos.

JPEG - 53.9 ko
Karim Benzema, ahejeje gutsinda

Igitsindo ca gatatu ca Real Madrid cinjijwe na Nacho Fernandez ku munota wa 41 ku mupira yari ahawe n’umukinyi w’inyuma Raphael Varane, mu gihe igitsindo ca kane ari naco ca nyuma cabonetse mu gice ca mbere c’urukino cinjijwe na Karim Benzema mu minota ya nyuma y’igice ca mbere.

JPEG - 72 ko
Nacho Fernandez ahejeje ateye mw’igori

Mu gice ca kabiri c’urukino niho umukinyi Christiano Ronaldo yari amaze igihe adatsindira umurwi wiwe ibitsindo, yinjiza ibitsindo bibiri yinjije mur’urwo rukino.

Igitsindo ca mbere yacinjije mu minota ya mbere y’igice ca kabiri c’urukino, mu gihe igitsindo ca kabiri yacinjije ku munota wa 54, bica bituma akwiza ibitsindo ijana atsindiye Real Madrid mu mahiganwa yo ku mugabane wa Buraya.

JPEG - 56.1 ko
Christiano Ronaldo, ahejeje gutsinda

Urukino rwaheze ari ibitsindo bitandatu vya Real Madrid k’ubusa bwa APOEL Nicosia.
Mu zindi nkino zabaye kur’uyu wa kabiri vyagenze uku :

Spartak Moscow 1 - 1 Maribor
Sevilla 3 - 3 Liverpool
Manchester City 1 - 0 Feyenoord
SSC Napoli 3 - 0 Shakhtar Donetsk
Besiktas 1 - 1 FC Porto
Monaco 1 - 4 RasenBallsport Leipzig
APOEL Nicosia 0 - 6 Real Madrid
Borussia Dortmund 1 - 2 Tottenham Hotspur

Kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 22 Munyonyo, inkino zitegekanijwe n’izi :

CSKA Moscow vs Benfica
Basel vs Manchester United
Anderlecht vs Bayern Munich
Paris Saint Germain vs Celtic
Qarabag FK vs Chelsea
Atletico Madrid vs Roma
Juventus vs Barcelona
Sporting CP vs Olympiacos

Urukino rurindiriwe cane, n’urukino ruza guhuza umurwi FC Barcelone n’umurwi Juventus de Turin wo mu gihugu c’Ubutariyano. Urwo rukino rushobora kuba akaryo ko kwihora k’uruhande rwa FC Barcelone, canke akaryo ko gushimangira inkomezi k’uruhande rwa Juventus de Turin.

JPEG - 60.4 ko
Abakinyi ba Real Madrid mu munezero bahejeje kuronka igitsindo

MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.