Coupe du President : Vitalo watsinze ibitsindo bitari bimenyerewe mu mupira w’amaguru

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 3 février 2018 saa 11:42
18015
0 0

Mu nkino za mbere z’igikombe c’umukuru w’igihugu zakinywe kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2018, umurwi wa Vital’o werekanye ko ukomeye mu gutsinda umurwi wa Kiganda City ibitsindo 12 vyose kuri 1.(12-1)

Urukino rworoheye cane umurwi wa Vital’o, umurwi wa Kiganda Fc wo mu ntara ya Muramvya niwo watanguye gutsinda igitsindo ca mbere,umunezero wabo ukaba wamaze umwanya urume rumara, kuko Vital’o yahavuye isatira cane ibitsindo vyinjira ku bwinshi.

Mu nkino zakinywe, vyagaragaye ko imirwi yo mu cicaro ca mbere yasumbije iyindi mirwi.

Muri rusangi, inkino zagenze uku gukurikira :

Kiganda City 1-12 Vital’o

Kayanza United 4-0 New Force

Inter Star 4- 2 Top Junior

Buja City 4-0 Magara Young

Les Elephants 3-4 New Oil (kuri Penariti)

Flambeau de l’Est 6-5 Moso Sugar (kuri Penariti)

LLB S4A 1-0 Messager Bujumbura

Rumonge City 3-0 Kalifumu FC

Les Jeunes Athletic 2-3 Lumière de Mwumba

Les Crocos 5-4 Etoile du Nord

Inkino zikaba ziza kubandanya kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 3 Ruhuhuma 2018, no ku munsi w’Imana igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2018.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha