Uburundi ntiburatsinda mu nkino zose ku munsi wa kabiri wa EACMilitaryGames2017

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 28 Myandagaro 2017 saa 09:24
Yasomwe : 10395
0 0

Inyuma yo gutsindwa ku munsi wa mbere w’inkino za gisirikare zihuza ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, imirwi iserukira Uburundi yasubiye gutsindwa ku munsi wa kabiri w’ihiganwa.

Mu rukino rw’umupira w’amaboko Basketball rwabaye kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 27 Myandagaro 2017, umurwi w’abasirikare waserukiye Uburundi watsinzwe n’umurwi waserukiye igihugu c’Ubuganda amanota 66 ku manota 63.

Mu rundi rukino rwabereye ku kibuga ca Parquet, umurwi w’abigeme bakina umupira w’amaboko Volleyball wahuye n’umurwi waserukiye igihugu ca Kenya, urukino rurangira umurwi waserukiye igihugu ca Kenya utsinze amaseti 3 ku busa bw’Uburundi.

Mwomenya ko mu rukino rw’umupira w’amaguru rwo kwugurura ihiganwa rwabaye kuwa gatandatu igenekerezo rya 26 Myandagaro 2017, umurwi w’abasirikare w’igihugu ca Kenya watsinze Muzinga wo mu Burundi igitsindo kimwe ku busa.

Mu rukino rw’umupira w’amaguru, umurwi Muzinga userukira Uburundi usigaje inkino zibiri, rumwe ruzohuza Muzinga n’umurwi waserukiye igihugu c’Ubuganda, n’urundi ruzohuza umurwi Muzinga n’igihugu ca Tanzaniya.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha