FFB : Imirwi 16 izokina ihiganwa ry’icicaro ca kabiri yamaze kumenya uko izohura

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 4 janvier 2018 saa 12:02
9975
0 0

Igisata kijejwe gutunganya ikirangaminsi c’inkino mu mupira w’amaguru cashize ahabona ukwo inkino z’igice ca mbere c’ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri mw’ihiganwa ry’igihugu cose mur’uyu mwaka wa 2018 zigiye kugenda.

Imigwi igiye gukina ihiganwa ku rwego rw’igihugu mu cicaro ca kabiri igabuwe mu mirwi abiri :

Mu murwi A, harimwo imirwi : B.S Dynamik Stars,Bumamuru Stadard FC, Espoir FC,Muzinga FC United, Rukinzo FC, Rusizi FC,Transport FC na Volontaire FC.

Mu murwi B, harimwo imirwi : Busoni Stars, Les Crocos, Les Elephants, Kayanza United, Magara Star, Mosso Sugar, Rumonge City na Unite FC.

Mwomenya ko imirwi Transport FC na Busoni Stars ariyo iheruka kuronka uburenganzira bwo kuduga mu cicaro ca kabiri, ivuye mu cicaro ca gatatu, mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi

Bitegekanijwe ko inkino mu cicaro ca kabiri mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru, zitangura kuwa gatanu, igenekerezo rya 12 Kigarama 2018.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha