Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FFB : Umurwi LLBS4Afrika uracari mu kibanza ca mbere ku rutonde (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > FFB : Umurwi LLBS4Afrika uracari mu kibanza ca mbere ku rutonde (...)

FFB : Umurwi LLBS4Afrika uracari mu kibanza ca mbere ku rutonde nfatakibanza

lundi 20 novembre 2017

Inkino z’umunsi wa 12 zabaye kuva kw’igenekerezo rya 17 Munyonyo 2017, aho umurwi Athletico Olympique watsinze umurwi Ngozi City, ibitsindo 4 ku gitsindo kimwe, bica bituma uwo murwi uduga mu kibanza ca 13.

Ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 18 Munyonyo 2017, imirwi yatsindanye uku :

Flambeau de l’Est yanganije na Vitalo ubusa k’ubundi, Umurwi Messager Ngozi utsinda Aigle Noir igitsindo kimwe kuri bibiri,Umurwi Flambeau du Centre watsinze Delta Star ibitsindo bibiri kuri kimwe, mu gihe umurwi Inter Star watsinze Les Lierres igitsindo kimwe k’ubusa.

Kuw’Imana igenekerezo rya 19 Munyonyo,umurwi LLBS4 Africa watsinze Musongati ibitsindo bibiri k’ubusa,umurwi Olympic Star utsinda Messager Bujumbura igitsindo kimwe k’ubusa, mu gihe umurwi Buja City watsinze Les Jeunes Athletic ibitsindo bibiri ku gitsindo kimwe.

Ku rutonde nfatakibanza,umurwi LLBS4 Africa uza mu kibanza ca mbere n’amanota 31, ukurikirwa n’umurwi Messager Ngozi n’amanota 30, mu kibanza ca gatatu haza umurwi Aigle Noir n’amanota 25, mu gihe mu kibanza ca kane hari umurwi Olympic Star n’amanota 22.

Mu bibanza vya nyuma hari imirwi ya Delta Star uza mu kibanza ca nyuma n’amanota 5, mu kibanza ca 15 haza umurwi Les jeunes Athletic n’amanota 9, mu gihe mu kibanza ca 14 haza umurwi Messager Bujumbura n’amanota 9 nyene.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.