IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > FFB : Umurwi Messager Ngozi uhejeje igice ca mbere c’ihiganwa uri mu kibanza (...)

FFB : Umurwi Messager Ngozi uhejeje igice ca mbere c’ihiganwa uri mu kibanza ca mbere

mardi 26 décembre 2017

Inkino za nyuma zabaye kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 24 Kigarama no kuwa mbere igenekerezo rya 25 Kigarama 2017 zaheze imirwi itsindanye uku gukurikira :

Kuwa mbere igenekerezo rya 25 Kigarama 2017, LLB S4 Afrika watsinze umurwi Flambeau de l’Est ibitsindo bitatu ku gitsindo kimwe.

Kuw’Imana igenekerezo rya 24 Kigarama 2017, Umurwi Musongati watsinze Les lierres ibitsindo bitatu kuri kimwe, mu gihe Inter Star watsinze Bujumbura City, ibitsindo bibiri kuri kimwe.

Ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 23 Kigarama, umurwi Vital’o watsinze umurwi Flambeau du Centre ibitsindo bibiri kuri kimwe, umurwi Messager Bujumbura unganya na Les Jeunes Athletics igitsindo kimwe ku kindi, mu gihe Ngozi City wanganije na Olympic Star igitsindo kimwe ku kindi kandi.

Ku rutonde, igice ca mbere c’ihiganwa Primus Ligue Burundi giheze imirwi ikurikirana uku gukurikira :

1. Messager Ngozi ufise amanota 39
2. LLBS4A n’amanota 38
3. Aigle Noir n’amanota 34
4. Vital’O FC n’amanota 26
5. Olympic Star n’amanota 24
6. Musongati n’amanota 21
7. Buja City n’amanota 21
8. Les Lierres n’amanota 19
9. Flambeau de l’Est n’amanota 18
10. Flambeau du Centre n’amanota 18
11. Inter Star n’amanota 17
12. Athletico Olumpic n’amanota 15
13. Ngozi City n’amanota 14
14. Messager Buja n’amanota 13
15. Les Jeunes Athletic n’amanota 13
16. Delta Star n’amanota 5


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.