Incamake

FIFA : Uko imirwi izokina igikombe c’isi mu Rusiya ihuriye mu mirwi vyamenyekanye

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 1er décembre 2017 saa 03:36
18300
0 0

Kuva k’umuhingamo wo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 1 Kigarama 2017, abakunzi b’umupira w’amaguru bamenye uko imirwi 32 izohiganirwa igikombe c’isi kizobera mu Burusiya ihuriye mu mirwi umunani.

Igikorwa co gutora uko imirwi nserukirabihugu ihurira mu mirwi cabereye i Kremlin,ku murwa mukuru w’igihugu c’Uburusiya Moscou. Imirwi yahuriye mu mirwi umunani uku gukurikira :

Umurwi A : Russie, Arabie saoudite, Egypte et Uruguay.

Umurwi B : Portugal, Espagne, Maroc et Iran.

Umurwi C : France, Australie, Pérou et Danemark.

Umurwi D : Argentine, Islande, Croatie et Nigeria.

Umurwi E : Brésil, Suisse, Costa Rica et Serbie.

Umurwi F : Allemagne, Mexique, Suède et Corée du Sud.

Umurwi G : Belgique, Panama, Tunisie et Angleterre.

Umurwi H : Pologne, Sénégal, Colombie et Japon.

Ihiganwa ry’igikombe c’isi kizobera mu Burusiya, rizotangura kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi rirangire kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro 2018.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha