FNUAP: Nta muvyeyi yategerezwa kwitaba Imana ariko aratanga ubuzima

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 2 Myandagaro 2017 saa 09:08
Yasomwe : 6696
1 0

Ishirahamwe mpuzamakungu riraba ibijanye n’irwirirana ry’abantu FNUAP rimenyesha ko Uburundi buri mu bihugu bitegerezwa kugabanura igitigiri c’abavyeyi bitaba Imana bagashika ku bavyeyi 140 nkuko biri mu mugambi w’akarere wo kuva mu mwaka wa 2016 gushika mu mwaka 2030.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho irwirirana ry’abantu FNUAP rimenyesha ko kugira Uburundi bushikire iryo hangiro butegerezwa kurwiza na gatatu umuvuduko mu kugabanura abavyeyi bitaba Imana gushika ku bice 7,5 kw’ijana.

Icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu FNUAP ku vyaranguwe mu Burundi mu kwezi kwa Mukakaro 2017, iryo shirahamwe rimenyesha ko, amatohozwa yakozwe mu mwaka wa 2010,yerekanye ko umukenyezi umwe apfa ku masaha ane, mu gihe yibungeze, ariko aribaruka canke ahejeje kwibaruka.

Muri ico cegeranyo,Ishirahamwe mpuzamakungu FNUAP rimenyesha ko igituma abavyeyi bitaba Imana ari uko badashikira ku rugero rushimishije abaganga banonosoye ibijanye no kwakira abavyeyi canke abaganga bakurikirana abavyeyi bahejeje kwibaruka.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho irwirirana ry’abantu FNUAP rimenyesha ko,kugira ibitigiri vy’abavyeyi bitaba Imana bariko baribaruka bigabanuke mu Burundi ,hoba gutanga akazi ku bavuzi bize ibijanye no kwakira abavyeyi.

Kubwa FNUAP nta muvyeyi yategerezwa kwitaba Imana, mu gihe ariko atanga ubuzima.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha