Accueil > Inkino > Amahiganwa > Francine NIYONSABA yabaye uwa kabiri mu mahiganwa yabereye muri (...)
Francine NIYONSABA yabaye uwa kabiri mu mahiganwa yabereye muri Norvege
vendredi 16 Ruheshi 2017
Fancine NIYONSABA yirutse izo metero 800 mu mwanya ungana n’umunota umwe ,amasegonda 58 n’ivy’ijana 18 (1’58’’18), mu gihe Caster SEMENYA yabaye uwa mbere yirutse izo metero 800 mu munota umwe,amasegnda 57 n’ivy’ijana 59 (1’57’’59).

Kuva batangura kwiruka, umurundikazi Francine NIYONSABA niwe yari imbere, ariko hasigaye imetero 50 ngo bashike aho bahagararira, Caster SEMENYA yaciye imbere umunonotsi Francine NIYONSABA gutyo aca atahana ikibanza ca mbere.
Francine NIYONSABA yaje mu kibanza ca kabiri inyuma ya Caster SEMENYA, akurikirwa n’umunyakenyakazi Wambui Margaret Nyairera.
Aba batatu nyene nibo baje mu bibbanza biatatu vya mbere mu mahiganwa mpuzamakungu yo kunonora imitsi yabereye mu gisagara ca Rio de Janeiro mu gihugu ca Bresil.

MUGISHA Van Naris
Messages
13 Myandagaro 2017, 07:39, par Coyitungiye jonasi
Amahirwe mansa niyo tumwifurije