IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Igikombe c’umukuru w’igihugu : Imirwi ine ya mbere izokina 1/4 gishira ica (...)

Igikombe c’umukuru w’igihugu : Imirwi ine ya mbere izokina 1/4 gishira ica nyuma yamenyekanye

mercredi 2 mai 2018

Mu rukino rwa mbere umurwi Vitalo watsinze Rumonge City ku mapenariti 4 kuri 2, ku kibuga Ivyizigiro, mu ntara ya Rumonge, kuko urukino rwari rwaheze imirwi yose inganya ubusa ku bundi, mu gihe mu rundi rukino, umurwi LLBS4 Afrika watsinze Flambeau de l’Est ibitsindo bibiri ku busa, mu rukino rwabereye mu ntara ya Gitega.

Mu zindi nkino zabaye, umurwi Delta Star watsinze Sante FC ibitsindo bitanu kuri bibiri, mu rukino rwabereye mu ntara ya Muramvya, mu gihe mu rundi rukino rwabereye i Muyinga, Aigle Noir yatsinze Inter Star ibitsindo bine kuri kimwe.

Kur’uno wa gatatu hategekanijwe inkino 4, imirwi iza guhura uku :

Isaha icenda, i Muyinga ,Athletico Olympic - Musongati Fc
Isaha icenda : muri Sosumo, mu Rutana : Club Kiremba Bururi - Muzinga Fc
Isaha icenda : ku kibuga ,Urukundo, I Ngozi : Burundi Sport Dynamik - Muramvya city
Isaha icenda, :I Gitega : Messager Ngozi - Olympic star.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.