IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Igisata co kuvura indwara z’umutima cugarijwe n’ubukene bw’abaganga (...)

Igisata co kuvura indwara z’umutima cugarijwe n’ubukene bw’abaganga n’ibikoresho bidakwiye

mardi 26 Nyakanga 2017

Mu kiganiro muganga Marc NIMBURANIRA arongoye ishirahamwe ry’abaganga banonosoye kuvura indwara z’umutima yaremesheje ari kumwe na Muganga Innocent NKURUNZIZA umuyobozi mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida ajejwe ingwara ngendanwa kandi zitandukira bahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa wa kabiri igenekerezo rya 26 Nyakanga 2017, avuga ko mu gihugu cose hari abaganga 10 gusa bize kuvura indwara z’umutima.

Muganga Marc NIMBURANIRA amenyesha ko indwara z’umutima ziza mu cicaro ca gatatu mu Burundi,inyuma y’indwara zandukira,ariko ko bigoye kuvura izo ngwara kuko ata bikoresho bikwiye bihari kandi n’imiti izimvye bisaba kuyifata iminsi yose bigasaba ubury bwinshi ku bantu batishoboye.

JPEG - 63.1 ko
Muganga Marc NIMBURANIRA arongoye ishirahamwe ry’abaganga bavura indwara z’umutima

Ku makenga ku bibaza abarwara izo ndwara z’umutima ,umukuru w’ishirahamwe ry’abaganga b’abahinga mu kuvura ingwara z’umutima aratanga umuco, akavuga ati:

’’Umuntu wese arashobora kurwara indwara z’umutima, ariko biramaze kuboneka ko abagabo aribo bafatwa cane n’iyo ndwara, ku bagore uwushikanye imyaka 65 hari impamvu nyinshi zituma agwara izo ndwara mu gihe ku bagabo ari ku myaka 55.’’

Muganga Marc NIMBURANIRA arongoye ishirahamwe ry’abaganga b’abahinga bavura indwara z’umutima asaba abanyagihugu gufungura neza, gukora ikarashishi no guhagarika kunwa itabi, mu ntumbero yo kwikingira indwara z’umutima.

Ku ruhande rwiwe,Muganga Innocent NKURUNZIZA umuyobozi ajejwe indwara ngendanwa ariko zitandukira mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida aremeza ko ibikoresho bikomeye vyo kuvura indwara z’umutima bitaraboneka, ariko ko hari ibiriko birakorwa kugira bakinge iyo ndwara.

Yavuze ati:’’Turamaze guhimiriza abanyagihugu kugira bikingire izo ndwara z’umutima,biciye mu guheba kunwa itabi no kugira ikarashishi,tugiye kandi no gushiraho ikigo cabinonosoye co mu bijanye n’indwara z’umutima.’’

Muganga Innocent NKURUNZIZA avuga ko bagiye kwegeranya ibiharuro vy’abarwaye indwara z’umutima bose,bongere bige ingene abaganga babinonosoye boshika gukorera mu gihugu hagati.

Ico kiganiro cabaye iminsi itatu gusa imbere y’uko hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe umutima,uhimbazwa kw’igenekerezo rya 29 Nyakanga uko umwaka utashe, mu Burundi uzohimbazwa kuwa gatandatu igenekerezo rya 30 Nyakanga, mu kiubanza Jardin Public mu gisara ca Bujumbura ku civugo:’’ Twigishanye ingene imitima yacu yokomera biciye mu guhindura ingendo,mu gufungura infungurwa zirwiriyemwo ivyamwa n’imboga, kugira ikarashishi no guhagarika kunwa itab i.’’


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.