Accueil > Inkino > Amahiganwa > Ihiganwa ry’amapikipiki rigiye gusubira kubera mu Burundi
Ihiganwa ry’amapikipiki rigiye gusubira kubera mu Burundi
jeudi 13 Mukakaro 2017, par
Ihinganwa bitiriye "Course à Moto Édition 2017" ku civugo : "Umubano mu mahoro". Ibirori nyamukuru vy’uwo munsi bizoba binshingiye kw’ihiganwa ry’abagendesha amapikipiki bo mu Burundi no mu makungu. Hazoba hari kandi utugenegene dutandukanye, hamwe n’aba "Comédiens".
Mu kiganiro catanzwe n’uwurongoye Elicom hamwe na Miss INGABIRE Ange Bernice, bamenyesheje ko uwo munsi ufise intumbero yo gutanga akazi no guha agaciro impano zimwe zimwe z’utugenegene zitaramenekana mu Burundi. Abantu bashika amajana indwi bazohabwa akazi mu minsi ibirori bizomara, nk’uko bivugwa n’abateguye iryo higanwa.
Ihiganwa ry’amapikipiki rizoba ku magenekerezo ya 02 na 03 Nyakanga 2017, rikazobera ku kibuga ca ETS Kamenge. Umuririmvyi Doctor Claude niwe yatowe kuzoserukira ivyo bikorwa Elicom.
Tubibutse ko ihiganwa ry’amapikipiki ryaheruka kubera mu Burundi mu mwaka w’i 1989.

Cherif NKESHIMANA
Messages
4 Myandagaro 2017, 20:18, par Ninteretse Rémy
none Kohavuzwe Kohazotangwa Akaki kazotangwa hisunzwe iki?