Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihiganwa ry’amapikipiki rigiye gusubira kubera mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Ihiganwa ry’amapikipiki rigiye gusubira kubera mu Burundi

Ihiganwa ry’amapikipiki rigiye gusubira kubera mu Burundi

jeudi 13 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Ihinganwa bitiriye "Course à Moto Édition 2017" ku civugo : "Umubano mu mahoro". Ibirori nyamukuru vy’uwo munsi bizoba binshingiye kw’ihiganwa ry’abagendesha amapikipiki bo mu Burundi no mu makungu. Hazoba hari kandi utugenegene dutandukanye, hamwe n’aba "Comédiens".

Mu kiganiro catanzwe n’uwurongoye Elicom hamwe na Miss INGABIRE Ange Bernice, bamenyesheje ko uwo munsi ufise intumbero yo gutanga akazi no guha agaciro impano zimwe zimwe z’utugenegene zitaramenekana mu Burundi. Abantu bashika amajana indwi bazohabwa akazi mu minsi ibirori bizomara, nk’uko bivugwa n’abateguye iryo higanwa.

Ihiganwa ry’amapikipiki rizoba ku magenekerezo ya 02 na 03 Nyakanga 2017, rikazobera ku kibuga ca ETS Kamenge. Umuririmvyi Doctor Claude niwe yatowe kuzoserukira ivyo bikorwa Elicom.

Tubibutse ko ihiganwa ry’amapikipiki ryaheruka kubera mu Burundi mu mwaka w’i 1989.


Cherif NKESHIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.