Home > Inkino > Amahiganwa > Ihiganwa ry’umupira w’amaguru ukinirwa ku musenyi rirabandanya
Ihiganwa ry’umupira w’amaguru ukinirwa ku musenyi rirabandanya
Friday 19 January 2018
Inyuma y’inkino ziheruka guhuza imirwi itandukanye, iyo mirwi ikaba irushanya uku gukurikira:
Mu murwi A:
Umugwi Mikimba Karera Beach uza mu kibanza ca mbere n’amanota 12,umurwi wa kabiri ni Bunge Fc n’amanota 9, mu kibanza ca gatatu haza Africa Sport Beach n’amanota atandatu, ukanganya amanota na Indundi Beach uza mu kibanza ca 4, ukanganya kandi na Azam FC uza mu kibanza ca gatanu.
Mu bibanza bitatu vya nyuma, hari umurwi wa Beach Boys uri mu kibanza ca gatandatu n’amanota 3, Nouveau Régime mu kibanza c’indwi ata nota na rimwe, co kimwe na Barimex Fc uri mu kibanza ca nyuma.
Mu murwi B:
Umurwi Caprera Beach uza mu kibanza ca mbere n’amanota 9, umurwi Saga Sable Fc uza mu kibanza ca kabiri n’amanota 9 nyene, Kanyosha Beach Fc uza mu kibanza ca gatatu n’amanota 9, mu kibanza ca kane hari umurwi Etoile du sable Fc n’amanota atandatu, ukayanganya na Tous jeunes Nickson uza mu kibanza ca gatanu.
Muri uwo murwi nyene, umurwi Mura Suppliers uza mu kibanza ca gatandatu, unganya amanota na Les Gladiateurs du Sable uri mu kibanza c’indwi, hamwe na Aigle Noir Fc uza mu kibanza c’umunani.
Mu kibanza ca nyuma hari umurwi Les pépinières Fc.
Urukino rw’umupira w’amaguru rwo ku musenyi ukaba ukinigwa ku nkengera za Tanganyika, ugakinwa n’abakinyi 5 ku mugwi.
BUKURU Pacifique