IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Inyabwonko > Ikigo Apple kivuga ko ingorane z’ibikoresho vyaco bishobora gutuma haba (...)

Ikigo Apple kivuga ko ingorane z’ibikoresho vyaco bishobora gutuma haba ubusuma

samedi 6 janvier 2018

Ico kigo kimenyesha ko izo ngorane ziri muri ivyo bikoresho zishobora gutuma haba ubusuma bukorerwa k’urubuga ngurukanabumenyi.

Nk’uko bimenyeshwa na Apple,izo ngorane z’ubuhinga zateye bimwe mu bikoresho vyayo zizwi ku mazina ya Spectre hamwe na Melton vyateye ibikoresho vy’iryo shirahamwe bisanzwe bikoresha iOS 11.2, macOS 10.13.2 na tvOS 11.2.

Abahinga mu bijanye n’ubuhinga ngurukanabumenyi bamenyesheje ko Meltdown na Spectre bituma amakuru y’umuntu aja ahabona ,basavye ko mu kwirinda ubwo busuma bwo ku rubuga ngurukanabumenyi kw’abantu bokoresha programme zigezweho z’uruganda rwa App Store.

Mwomenya ko ibigo bikomeye vyo ku rubuga ngurukanabumenyi nka Google,Microsoft hamwe na Amazon ko navyo nyene biriko birafasha kugira bitorere inyishu ico kibazo.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.