IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Inkino > Amahiganwa > Imirwi 8 izohurira mu nkino zatunganijwe n’umurwi Messager NGOZI

Imirwi 8 izohurira mu nkino zatunganijwe n’umurwi Messager NGOZI

Tuesday 2 January 2018

Izo nkino zizohuza imirwi ya Messager Ngozi, Musongati FC, Olympic Star, Ngozi City,Flambeau du Centre, Vitalo FC na Aigle Noir.

Elyse NIYUBAHWE atwara igisata co kumenyesha amakuru mu murwi Messager Ngozi avuga ko izo nkino zatunganijwe kandi mu ntumbero yo gutuma muri iki gihe ihiganwa ryahagaze, abakinyi baronka ikiba kirabafatira.

Bitegegekanijwe ko imirwi izohura uku gukurikira:

Kuwa kane igenekerezo rya 4 Nzero 2018: isaha icenda z’umuhingamo, umurwi Olympic Star w’i Muyinga uzohura na Vitalo FC ufise icicaro mu ntara ya Rumonge, mu gihe isaha icumi n’imwe, umurwi Messager Ngozi uzokina n’umurwi Musongati FC wo mu ntara ya Gitega.

Kuwa gatanu igenekerezo rya 5 Nzero 2018, isaha icenda,umurwi Ngozi City uzohura na Flambeau du centre w’i Gitega, isaha icumi n’imwe, umurwi Aigle Noir w’i Makamba ukine na Messager Bujumbura.

Kuwa gatandatu igenekerezo rya 6 Nzero 2018,isaha icenda umurwi Musongati FC uzokina na Messager Bujumbura, mu gihe isaha icumi n’imwe umurwi Olympic Star uzokina na Flambeau du Centre.

Ku munsi wa nyuma w’iryo higanwa kuw’Imana igenekerezo rya 7 Nzero 2017, umurwi Ngozi City uzokina Aigle na noir isaha icenda, mu gihe isaha icumi n’imwe ,umurwi Messager Ngozi uzokina na Vitalo FC.

Amakuru ava mu gisata co kumenyesha amakuru mu murwi Le Messager amenyesha ko izo nkino zizotangazwa ikibiriraho ku nsamirizi UMUCO FM isamiranira mu ntara ya Ngozi, bigashoboka kandi ko zishikirizwa ku yandi maradiyo asamiranira mu gihugu.

Mwomenya ko izo nkino zose zizobera ku kibuga URUKUNDO (Stade URUKUNDO), mu kwinjira gukurikirana izo nkino hakazorihishwa amafaranga 1000 y’amarundi.


MUGISHA Van Naris

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.