Imirwi yaserukiye amashuri y’i Bujumbura n’ayo mu gihugu hagati yagabuye ibikombe

Yanditswe na Oscar NDAYISHIMIYE
Kuya 26 mars 2018 saa 04:12
Yasomwe :
0 0

Ihiganwa rihuza amashuri yisumbuye ku rwego rw’igihugu yararangiye kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 26 Ntwarante 2018. Mu mirwi yose yaserukiye amashuri yashitse mu nkino za nyuma, nta shuri na rimwe ryatahanye ibikombe bibiri.

Imirwi yatahukanye igikombe mu mupira w’amaguru ni : ETS Kamenge mu bahungu na Lycee St Basile mu bakobwa, mu mupira w’amaboko Basketball ni : Lycee du Lac Tanganyika mu bahungu na Lycee Don Bosco mu bakobwa, muri Volleyball ni Lycee Technique Saint Luc mu bahungu na Lycee Bukeye mu bakobwa, hamwe no muri Handball aho mu bahungu ari Lycee Christ Roi de Gitega na Lycee Mugara-Rumonge, mu bakobwa.

Imirwi yatsinze muri izo nkino za nyuma zabereye mu gisagara ca Bujumbura, iva mu ntara zo hagati mu gihugu, no mu gisagara ca Bujumbura, mu gihe vyari bimenyerewe ko iyo mu gisagara ca Bujumbura ariyo yahora itahukana ibikombe.

Izo nkino zabereye ku bibuga vy’ishuri nderabigisha ENS, ishure ryisumbuye ETS Kamenge, no ku bibuga vy’urukino rwa Basketball vyitiriwe Toyota, biri mu Gikungu, muri quartier ya Mutanga Nord.

Imirwi yatahukanye ibikombe muri ayo mahiganwa atunganijwe ku ncuro ya 30,yaronse uburenganzira bwo kwitaba amahiganwa y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko yiswe FEASSA,azobera mu gihugu c’Urwanda.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha