Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi Col Gaspard BARATUZA, yabimenyesheje abicishije ku rubuga rwiwe rwa twitter mu gatondo ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 24 Myandagaro 2017.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuwa mbere igenekerezo rya 21 Myandagaro 2017, Col Gaspard BARATUZA yamenyesheje ko ibihugu 5 arivyo bizokwitaba ayo mahiganwa, harimwo igihugu ca Sudani y’Ubumanuko kizokwitaba nk’indorerezi.
Bitegekanijwe ko urukino rwa mbere ruzokwugurura ihiganwa ari urukino rw’umupira w’amaguru ruzoba kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 26 Myandagaro 2017, ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko RWAGASORE, ruzohuza igihugu c’Uburundi n’igihugu ca Kenya,isaha icenda z’umuhingamo.
Karikurubu: usigaye kuvuga ngo so na nyoko ataco bari, barutwa n’abandi bantu.