IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > ’’Imyiteguro yo kwakira ihiganwa igeze ku rugero rushimishije’’-Nicholas (...)

’’Imyiteguro yo kwakira ihiganwa igeze ku rugero rushimishije’’-Nicholas MUSONYE

vendredi 5 janvier 2018

Mu kiganiro ku bamenyeshakuru co ku muhingamo wo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 5 Nzero 2018, umunyamabanga mukuru wa CECAFA Nicholas MUSONYE, amenyesha ko yashimshijwe, mbere akanatangazwa n’ubwiza bw’ibibuga biriko birategurwa ngo vyakire ihiganwa rya CECAFA ry’abari munsi y’imyaka 17.

« Naronse akaryo ko kwishikira ku bibuga vya Ngozi, Gitega na Muyinga bigiye kwakira ihiganwa.Vyubatse ku rugero rwa none kandi birateye igomwe.Kiretse ikibuga c’i Gitega kigifise uduhaze mu tuzu twa surwumwe, inyubakwa z’ubwugamo n’aho abakinyi baruhukira, ibindi bibuga nabonye ata makosa bigira.Nkaba nizeye ko hazogera ko ihiganwa ritangura vyose vyatunganye.Ku bijanye n’amazu yo kwakira ingenzi, aho naciye nabonye bimeze neza, na cane cane mu ntara ya Ngozi. »

Nicholas MUSONYE arongera agahamagarira abajejwe inkino, abikorera utwabo, eka abarundi bose, gukora ukwo bashoboye kugira iryo higanwa rizoburemwo agatosi.

« Ndipfuza cane ko iri higanwa rigiye kubera mu Burundi ryogenda neza cane.Mu gihe atangorane zohaba, Uburundi bwoba bufise amahirwe menshi yo gutunganya ihiganwa rya CECAFA ry’abakuze rizokinwa mu mwaka uza wa 2019. »

Tubamenyeshe ko ihiganwa rya CECAFA ry’abadashikana imyaka 17 rizotangura kw’igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2018 ku bibuga vya Ngozi, Gitega na Muyinga, imboneshakure AZAM ikaba izokwerekana inkino ikibiriraho.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.