Inkino za gisirikare zihuza ibihugu vya EAC zarangiye

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 5 Nyakanga 2017 saa 02:55
Yasomwe : 11709
0 0

Inkino za gisirikare zihuza ibihugu vyo mu karere ka Afirika y’ubuseruko zari zimaze iminsi zibera mu Burundi zirangira kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 5 nyakanga 2017, hongere hatangwe imidari itandukanye ku migwi yavyifashemwo neza.

Imwe mu migwi yavyifashemwo neza mur’izo nkino, ni Tanzaniya yatahukanye ikibanza ca mbere mu rukino rw’umupira w’amaboko Basketball.kikaza kuronswa umudare w’inzahabu ,igihugu c’Uburundi cabaye ica kabiri kikaronswa umudare w’ifeza nayo igihugu ca gatatu cabaye Ubuganda kikaronswa umudare w’umujumbu.

Mu rukino rw’amaboko “ volleyball” mu bigeme,igihugu ca Kenya cabaye ica mbere kikaronswa umudare w’inzahabu,igihugu ca Tanzaniya kiza ubwakabiri kironswa umudare w’ifeza n’aho igihugu c’Ubuganda kikaza ubwa gatatu gitahukane umudari w’umujumbu.

Mu rukino rw’amaboko “Netball” ku bigeme,igihugu ca Kenya kiza ubwambere aho kironswa umudare w’inzahabu,igihugu c’Ubuganda kiza ubwa kabiri kironka umudare w’ifeza ,ikibanza ca gatatu catahukanywe n’igihugu ca Tanzaniya kironswa umudare w’umujumbu.

Mwomenya ko izo nkino zigira 11 zitunganijwe ku rwego rw’Ishirahamwe ry’Akarere ka Afrika y’Ubuseruko zabereye mu Burundi, kuva kw’ibihugu bigize akarere ka Afirika y’’igenekerezo rya 26 Myandagaro 2017.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha