IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Inkino zatunganijwe na ’’Le Messager’’ zaheze umurwi Messager Ngozi unganije na (...)

Inkino zatunganijwe na ’’Le Messager’’ zaheze umurwi Messager Ngozi unganije na Vitalo FC

lundi 8 janvier 2018

Izo nkino zatanguye kw’igenekerezo rya 4 Nzero 2018, zahuza imirwi umunani, yose ikina mu cicaro ca mbere mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi.

Iyo mirwi ni : Messager Ngozi, Musongati FC, Aigles Noirs, Ngozi City, Flambeau du Centre, Olympic Star, Messager Bujumbura na Vitalo.

Ku munsi wa gatandatu, inkino zagenze uku : isaha icenda,umurwi Messager Bujumbura wanganije na Flambeau du Centre, igitsindo kimwe ku kindi, mu gihe isaha icumi n’imwe,umurwi Musongati FC watsinze Olympic Star ibitsindo bitatu, ku gitsindo kimwe.

Mu nkino zibiri zo gusozera izo nkino, isaha icenda,umurwi Aigle Noir watsinze Ngozi City ibitsindo bibiri ku gitsindo kimwe, mu gihe umurwi Messager Ngozi wanganije na Vitalo ubusa ku bundi.

Mwomenya ko izo nkino zari zatunganijwe mu ntumbero yo guhimbaza iminsi mikuru irangiza umwaka, hamwe no kuba barafatira abakinyi muri iki gihe ihiganwa mu cicaro ca mbere ryahagaze mu kurindira batangura igicec ca kabiri c’inkino zo gusubiriza.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.